Gusubira mu vyagezwe 30:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+. Zaburi 53:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ese icompa i Siyoni hakava ubukiriro buhambaye bwa Isirayeli+!Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe+,Yakobo aze anezerwe, Isirayeli ahimbarwe+. Yeremiya 27:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 ‘“I Babiloni ni ho bizojanwa+ kandi ni ho bizoguma gushika umusi nzovyitaho+,” ni ko Yehova avuze. “Kandi nzobidugana ndabisubize aha hantu+.”’” Yeremiya 29:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Nanje nzoreka mundonke+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Nzokwegeranya umugwi w’imbohe wanyu, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu mahanga yose n’ahantu hose nabashwiragirije+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Kandi nzobagarukana ahantu nabakuye nkabajana mu bunyagano+.’ Ezekiyeli 39:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ubu ni ho nzogarukana imbohe za Yakobo+ kandi nkagirira vy’ukuri imbabazi inzu ya Isirayeli yose+; kandi nzorwanira ubweranda bw’izina ryanje*+. Yoweli 3:1 Bibiliya y’isi nshasha 3 “Kuko ehe, muri iyo misi no muri ico gihe+, ninagarukana imbohe za Yuda na Yeruzalemu+, Amosi 9:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’
3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+.
6 Ese icompa i Siyoni hakava ubukiriro buhambaye bwa Isirayeli+!Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe+,Yakobo aze anezerwe, Isirayeli ahimbarwe+.
22 ‘“I Babiloni ni ho bizojanwa+ kandi ni ho bizoguma gushika umusi nzovyitaho+,” ni ko Yehova avuze. “Kandi nzobidugana ndabisubize aha hantu+.”’”
14 Nanje nzoreka mundonke+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Nzokwegeranya umugwi w’imbohe wanyu, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu mahanga yose n’ahantu hose nabashwiragirije+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Kandi nzobagarukana ahantu nabakuye nkabajana mu bunyagano+.’
25 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ubu ni ho nzogarukana imbohe za Yakobo+ kandi nkagirira vy’ukuri imbabazi inzu ya Isirayeli yose+; kandi nzorwanira ubweranda bw’izina ryanje*+.
14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’