ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 30:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+.

  • Zaburi 53:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Ese icompa i Siyoni hakava ubukiriro buhambaye bwa Isirayeli+!

      Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe+,

      Yakobo aze anezerwe, Isirayeli ahimbarwe+.

  • Yeremiya 27:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 ‘“I Babiloni ni ho bizojanwa+ kandi ni ho bizoguma gushika umusi nzovyitaho+,” ni ko Yehova avuze. “Kandi nzobidugana ndabisubize aha hantu+.”’”

  • Yeremiya 29:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nanje nzoreka mundonke+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Nzokwegeranya umugwi w’imbohe wanyu, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu mahanga yose n’ahantu hose nabashwiragirije+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Kandi nzobagarukana ahantu nabakuye nkabajana mu bunyagano+.’

  • Ezekiyeli 39:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ubu ni ho nzogarukana imbohe za Yakobo+ kandi nkagirira vy’ukuri imbabazi inzu ya Isirayeli yose+; kandi nzorwanira ubweranda bw’izina ryanje*+.

  • Yoweli 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Kuko ehe, muri iyo misi no muri ico gihe+, ninagarukana imbohe za Yuda na Yeruzalemu+,

  • Amosi 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika