9 kugira ngo imbohe zibwirwe ngo+: ‘Nimusohoke+!’, abari mu mwiza na bo ngo+: ‘Nimwiyerekane+!’ Iruhande y’amayira ni ho bazorisha, ku minyuro yose inoze+.
14 Ragiza abantu bawe ikibando cawe+, ari bo mukuku w’intoranwa yawe, abahora baba mu kibira ari bonyene—hagati mu murima w’ivyamwa+. Nibarishe i Bashani n’i Gileyadi+ nko mu misi ya kera+.