ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 32:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Musa aca atangura gutakambira* Yehova Imana yiwe+, ati: “Kubera iki ga Yehova, ishavu ryawe+ ryokwirirwa rirarurumbira abantu bawe wakuye mu gihugu ca Misiri ku bubasha buhambaye no ku kiganza gikomeye?

  • 1 Samweli 13:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 nca nibwira nti+: ‘Noneho Abafilisitiya bahava bamanuka kuntera i Gilugali ntaratakambira* Yehova.’ Naciye rero nigobera+, nshikana ikimazi giturirwa.”

  • 1 Abami 13:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nuko umwami abwira nya muntu w’Imana y’ukuri ati: “Ndakwinginze utakambire* Yehova Imana yawe, usenge ku bwanje kugira ngo nsubizwe ukuboko kwanje+.” Nya muntu w’Imana y’ukuri aca atakambira+ Yehova, ku buryo umwami asubizwa ukuboko kwiwe, gusubira kumera nk’ubwa mbere+.

  • Yeremiya 26:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Hari aho none Hezekiya umwami wa Yuda n’abo muri Yuda bose barondeye kumwica? Mbega ntiyatinye Yehova agatakambira* Yehova+, ku buryo Yehova yicuza ku bijanye n’ivyago yari yaravuze kuri bo+? Turiko twikwegera rero ivyago bikomeye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika