Yeremiya 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ico gihe bazokwita Yeruzalemu intebe y’ubwami ya Yehova+; kandi i Yeruzalemu ni ho amahanga yose azokoranirizwa+ kugira ngo ashemeze izina rya Yehova ng’aho+, kandi ntibazokwongera gukurikira akagagazo k’umutima wabo mubi+.” Yoweli 3:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Ariko Yuda yoyo, bazoyibamwo gushika igihe kitagira urugero+, Yeruzalemu bayibemwo uko iyaruka rikurikira irindi+. Amosi 9:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’
17 Ico gihe bazokwita Yeruzalemu intebe y’ubwami ya Yehova+; kandi i Yeruzalemu ni ho amahanga yose azokoranirizwa+ kugira ngo ashemeze izina rya Yehova ng’aho+, kandi ntibazokwongera gukurikira akagagazo k’umutima wabo mubi+.”
20 Ariko Yuda yoyo, bazoyibamwo gushika igihe kitagira urugero+, Yeruzalemu bayibemwo uko iyaruka rikurikira irindi+.
14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’