Zaburi 67:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Isi ubwayo ntizobura gutanga umwimbu wayo+;Imana, Imana yacu, izoduhezagira+. Zaburi 72:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Imisozi nishīre abantu amahoro+,N’imirambi nyene, biciye ku bugororotsi. Yesaya 30:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ntazobura gutanga imvura ku bw’imbuto yawe ubiba mu butaka+, kandi bwa mwimbu w’ubutaka atange umukate, uwuzobwirizwa kuba unuze kandi utonyanga ivuta+. Kuri uwo musi, ibitungwa vyawe bizorisha mw’iragiriro ryagutse+. Yakobo 3:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Vyongeye, urubuto rw’icamwa+ c’ubugororotsi+ rubibwa mu mahoro+ ku bariko baremesha amahoro+.
23 Ntazobura gutanga imvura ku bw’imbuto yawe ubiba mu butaka+, kandi bwa mwimbu w’ubutaka atange umukate, uwuzobwirizwa kuba unuze kandi utonyanga ivuta+. Kuri uwo musi, ibitungwa vyawe bizorisha mw’iragiriro ryagutse+.