Mariko 6:44 Bibiliya y’isi nshasha 44 Ikigeretseko, abariye kuri nya mikate bari abagabo ibihumbi bitanu+. Luka 9:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kukaba nkako, bari abagabo nk’ibihumbi bitanu+. Mugabo abwira abigishwa biwe ati: “Nimubicarike nko mu gihe co gufungura, mu migwi y’abantu nka mirongo itanitanu+.” Yohani 6:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Yezu avuga ati: “Nimwicarike aba bantu nko mu gihe co gufungura+.” Kandi aho hantu hari ivyatsi vyinshi. Nya bantu rero baricara, bakaba bari nk’ibihumbi bitanu+.
14 Kukaba nkako, bari abagabo nk’ibihumbi bitanu+. Mugabo abwira abigishwa biwe ati: “Nimubicarike nko mu gihe co gufungura, mu migwi y’abantu nka mirongo itanitanu+.”
10 Yezu avuga ati: “Nimwicarike aba bantu nko mu gihe co gufungura+.” Kandi aho hantu hari ivyatsi vyinshi. Nya bantu rero baricara, bakaba bari nk’ibihumbi bitanu+.