Itanguriro 6:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ku bw’ivyo rero Yehova abona ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi be n’uko impengamiro+ yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose+. Itanguriro 8:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Yehova atangura kumotēra akamoto karuhura+, maze rero Yehova avuga mu mutima wiwe+ ati: “Sinzokwigera nongera guhamagarira akabi ku butaka+ kubera umuntu, kuko impengamiro+ y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe+; kandi sinzokwigera nongera gukubita ikintu kizima cose nk’uko nagize+. Zaburi 14:1 Bibiliya y’isi nshasha 14 Imburabwenge yavuze mu mutima wayo ngo:“Yehova nta wuriho+.”Barikwegeye guhona+, bakoze ibiteye ishishi.Nta n’umwe ariho akora iciza+. Yeremiya 17:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane+. Ni nde yowumenya?
5 Ku bw’ivyo rero Yehova abona ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi be n’uko impengamiro+ yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose+.
21 Yehova atangura kumotēra akamoto karuhura+, maze rero Yehova avuga mu mutima wiwe+ ati: “Sinzokwigera nongera guhamagarira akabi ku butaka+ kubera umuntu, kuko impengamiro+ y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe+; kandi sinzokwigera nongera gukubita ikintu kizima cose nk’uko nagize+.
14 Imburabwenge yavuze mu mutima wayo ngo:“Yehova nta wuriho+.”Barikwegeye guhona+, bakoze ibiteye ishishi.Nta n’umwe ariho akora iciza+.