Zaburi 31:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Mu kuboko kwawe ni ho nshize impwemu yanje+.Warancunguye+, ewe Yehova Mana y’inyakuri+. Matayo 27:50 Bibiliya y’isi nshasha 50 Yezu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, aca aracikana+. Luka 23:46 Bibiliya y’isi nshasha 46 Hanyuma Yezu arahamagara n’ijwi rirenga, ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize impwemu yanje+.” Amaze kuvuga ivyo, aracikana+. Yohani 19:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Yezu rero amaze guhabwa nya muvinyu ukarishe, avuga ati: “Birarangutse+!”, hanyuma ajondamika umutwe, aracikana*+.
46 Hanyuma Yezu arahamagara n’ijwi rirenga, ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize impwemu yanje+.” Amaze kuvuga ivyo, aracikana+.
30 Yezu rero amaze guhabwa nya muvinyu ukarishe, avuga ati: “Birarangutse+!”, hanyuma ajondamika umutwe, aracikana*+.