Matayo 26:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Ariko Petero amwishura ati: “Naho abandi bose botsitazwa n’ivyawe, jeho sinzokwigera ntsitara+!” Mariko 14:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Ariko Petero amubwira ati: “Niyo abandi bose botsitara, jeho sinzotsitara+.” Yohani 13:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 Petero amubwira ati: “Mukama, kubera iki ntashobora kugukurikira ubu? Nzokwigura+.”