Yoweli 2:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 “Kandi inyuma y’ivyo, uku ni ko bitegerezwa kuba: nzosuka impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose+, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu+ bazovuga koko ubuhanuzi. Abatama banyu bazorota indoto. N’abasore banyu bazobona ivyo beretswe. Yohani 14:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi mufasha wo kubana namwe ibihe vyose+, Ivyakozwe 1:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Igihe yari kumwe na bo, abaha aya mategeko, ati: “Ntimuve i Yeruzalemu+, ahubwo mugume murindiriye ico Data yasezeranye+, ico mwanyumvanye; Ivyakozwe 2:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 bose buzuzwa impwemu nyeranda+, batangura kuvuga mu zindi ndimi+ nk’uko nya mpwemu yabaha kuvuga.
28 “Kandi inyuma y’ivyo, uku ni ko bitegerezwa kuba: nzosuka impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose+, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu+ bazovuga koko ubuhanuzi. Abatama banyu bazorota indoto. N’abasore banyu bazobona ivyo beretswe.
4 Igihe yari kumwe na bo, abaha aya mategeko, ati: “Ntimuve i Yeruzalemu+, ahubwo mugume murindiriye ico Data yasezeranye+, ico mwanyumvanye;