ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Imisi yawe niyakwira+, maze ukabwirizwa kuryama hamwe na ba sogokuruza bawe+, emwe, nzohagurutsa rero uruvyaro* rwawe mu nyuma zawe, uruzova imbere muri wewe; kandi nzoshimangira koko ubwami bwiwe+.

  • Zaburi 132:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Yehova yararahiye Dawidi+,

      Kandi vy’ukuri ntazokwirahuruza+:

      “Uwo mu bura bwawe*+

      Nzomushira ku ntebe yawe y’ubwami+.

  • Yesaya 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ukugwira kw’ubutware bwa kiganwa+ be n’amahoro ntibizogira iherezo+, ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ no ku bwami bwiwe, kugira ngo bushimangirwe+ no kugira ngo bushigikizwe ubutungane+ n’ubugororotsi+, kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero*. Umwete nyene wa Yehova nyen’ingabo uzobikora+.

  • Yeremiya 23:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “Ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzohagurukiriza Dawidi umunago ugororotse+. Kandi umwami azoganza koko+, akorane ukwiyubara yongere ashitse ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika