24Hanyuma abwira Musa ati: “Duga aho Yehova ari, wewe na Aroni, Nadabu na Abihu+ na mirongo irindwi+ mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli, kandi mutegerezwa kwunama muri nka hariya.
16 Yehova na we abwira Musa ati: “Nkoraniriza abagabo mirongo irindwi mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli+, abo uzi ko ari abagabo b’inararibonye b’ico gisata n’abarongozi muri co+, ubajane kw’ihema ry’ihuriro, bahagararane nawe ng’aho.