Gusubira mu vyagezwe 4:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Yehova atangura kuvugana namwe hagati mu muriro+. Ugusamīra kw’amajambo ni kwo mwumva, mugabo nta shusho+ mwabona, eka nta kindi atari ijwi+. Yohani 1:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+; wa mwana w’ikinege*+ ari mu gikiriza+ ca Se ni we yayisiguye+. Yohani 6:46 Bibiliya y’isi nshasha 46 Si uko hari umuntu yabonye Data+, atari uwavuye ku Mana; uwo ni we yabonye Data+. 1 Timoteyo 1:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Wa Mwami w’ibihe bidahera+ rero, umwe atabora+, ataboneka+, we Mana yonyene+, iteka n’ubuninahazwa bibe ivyiwe ibihe bitazoshira+. Amen. 1 Yohani 4:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Nimba tubandanya gukundana, Imana iguma muri twebwe n’urukundo rwayo rukagirwa urutagira akanenge muri twebwe+.
12 Yehova atangura kuvugana namwe hagati mu muriro+. Ugusamīra kw’amajambo ni kwo mwumva, mugabo nta shusho+ mwabona, eka nta kindi atari ijwi+.
18 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+; wa mwana w’ikinege*+ ari mu gikiriza+ ca Se ni we yayisiguye+.
17 Wa Mwami w’ibihe bidahera+ rero, umwe atabora+, ataboneka+, we Mana yonyene+, iteka n’ubuninahazwa bibe ivyiwe ibihe bitazoshira+. Amen.
12 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Nimba tubandanya gukundana, Imana iguma muri twebwe n’urukundo rwayo rukagirwa urutagira akanenge muri twebwe+.