ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 8:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ja kw’itegeko no ku cemezo+!

      Ni ukuri, bazoguma bavuga ibihuye n’iri jambo+ ritazogira umuco w’umutwenzi+.

  • Luka 11:52
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 52 “Muragowe mwebwe abahanga mu vy’Itegeko, kubera ko mwatwaye urupfunguruzo rw’ubumenyi+; mwebwe ubwanyu ntimwinjiye, kandi n’abinjira mwarababujije+!”

  • Ivyakozwe 17:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ariko bano bari n’agatima keza kuruta ab’i Tesalonika, kuko bakiriye ijambo babishashaye cane gusumba, basuzuma+ Ivyanditswe+ ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo ari ko biri+.

  • 2 Timoteyo 3:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 be n’uko guhera mu buhinja+ wamenye ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro+ biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu+.

  • 1 Petero 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ku vyerekeye ubwo bukiriro nyene, itohoza rigiranywe ubwira be n’ubushakashatsi bwitondewe+ vyaragizwe n’abahanuzi bavuze ubuhanuzi+ ku vyerekeye ubuntu ata wari abukwiriye mwagenewe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika