Yohani 10:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ni jewe muryango+; uwo wese yinjira aciye muri jewe azokizwa, kandi azokwinjira yongere asohoke, aronke uburagiriro+. Abaroma 5:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 biciye kuri we kandi tukaba twararonse uburyo bwo gushika+ mu buntu ata wari abukwiriye biciye ku kwizera, nya buntu bukaba ari bwo duhagazemwo ubu; kandi twigine, twishimikije icizigiro+ c’ubuninahazwa bw’Imana. Abanyefeso 2:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 kubera ko biciye kuri we, twebwe, vya bisata vyompi+, dushobora kwegera+ Data biciye ku mpwemu imwe+. Abaheburayo 10:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 iyo yadutangurije ari inzira nshasha kandi nzima ica muri rya rido+, ari ryo mubiri wiwe+,
9 Ni jewe muryango+; uwo wese yinjira aciye muri jewe azokizwa, kandi azokwinjira yongere asohoke, aronke uburagiriro+.
2 biciye kuri we kandi tukaba twararonse uburyo bwo gushika+ mu buntu ata wari abukwiriye biciye ku kwizera, nya buntu bukaba ari bwo duhagazemwo ubu; kandi twigine, twishimikije icizigiro+ c’ubuninahazwa bw’Imana.
18 kubera ko biciye kuri we, twebwe, vya bisata vyompi+, dushobora kwegera+ Data biciye ku mpwemu imwe+.