Matayo 21:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Yezu abishura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Mufise ukwizera gusa kandi ntimukekeranye+, ntimuzokora ivyo nakoze kuri ico giti c’umusukoni vyonyene, mugabo kandi mubwiye uyu musozi muti: ‘Shinguka ujugunywe mu kiyaga,’ bizoba+. Ivyakozwe 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 mugabo muzoronka ububasha+ impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona+ i Yeruzalemu+ n’i Yudaya hose n’i Samariya+, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi+.” Ivyakozwe 2:41 Bibiliya y’isi nshasha 41 Nuko rero, abakiriye ijambo ryiwe n’umutima wabo wose barabatizwa+, kuri uwo musi abantu nk’ibihumbi bitatu barongerwako+. Abakolosayi 1:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 mukire gusa kuguma mu kwizera+, mushinzwe ku mushinge+ kandi mushikamye+ mudakurwa ku cizigiro c’iyo nkuru nziza mwumvise+ kandi yamamajwe+ mu vyaremwe vyose+ biri munsi y’ijuru. Iyo nkuru nziza ni yo jewe Paulo nabereye umusuku+.
21 Yezu abishura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Mufise ukwizera gusa kandi ntimukekeranye+, ntimuzokora ivyo nakoze kuri ico giti c’umusukoni vyonyene, mugabo kandi mubwiye uyu musozi muti: ‘Shinguka ujugunywe mu kiyaga,’ bizoba+.
8 mugabo muzoronka ububasha+ impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona+ i Yeruzalemu+ n’i Yudaya hose n’i Samariya+, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi+.”
41 Nuko rero, abakiriye ijambo ryiwe n’umutima wabo wose barabatizwa+, kuri uwo musi abantu nk’ibihumbi bitatu barongerwako+.
23 mukire gusa kuguma mu kwizera+, mushinzwe ku mushinge+ kandi mushikamye+ mudakurwa ku cizigiro c’iyo nkuru nziza mwumvise+ kandi yamamajwe+ mu vyaremwe vyose+ biri munsi y’ijuru. Iyo nkuru nziza ni yo jewe Paulo nabereye umusuku+.