ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 15:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Erega ni ico gushirwa mu muriro kikaba inkwi+. Amasonga yaco yompi umuriro urayarigata, no hagati yaco hagasha+. None hari igikorwa na kimwe cokoreshwa?

  • Matayo 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ishoka iramaze+ gushirwa ku muzi w’ibiti; igiti cose rero kitama ivyamwa vyiza kibwirizwa gucibwa+ kigatererwa mu muriro+.

  • Abaroma 11:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ni vyiza! Kubera ukutizera+ kwabo barahanyuwe, mugabo wewe uhagaze ubihawe n’ukwizera+. Reka kugira ivyiyumviro vyo kwishira hejuru+, ahubwo tinya+.

  • Abaheburayo 6:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Kuko ibi bidashoboka: ku bijanye n’abamurikiwe rimwe rizima+, bagahonja ya ngabirano ya gusa yo mw’ijuru+, bakaba abasangiye impwemu nyeranda+,

  • Abaheburayo 6:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Mugabo iyo bumeze amahwa n’ibitovu, burahebwa, kandi buba buri hafi kuvumwa+; kandi buruhira guturirwa+.

  • 1 Yohani 2:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Bavuye muri twebwe, mugabo ntibari abo muri twebwe+; kuko iyo baba abo muri twebwe, bari kugumana natwe+. Mugabo baratuvuyemwo kugira ngo vyerekanwe yuko bose atari abo muri twebwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika