34 Ku bw’ico, raba ngira ndabatumeko+ abahanuzi n’abantu b’inkerebutsi be n’abigisha b’abantu+. Bamwe muri bo muzobica+, mubamanike, abandi na bo mubashishagurire+ mu masinagogi yanyu, mubahame mu gisagara no mu kindi;
5 Mugabo Abayuda bagira ishari+, bahitana abagabo bamwe b’ababisha mu birirwa bicaye mu kaguriro, barema akagwi baca batangura gutera intureka mu gisagara+. Batera inzu ya Yasoni+, barondera kuzana Paulo na Silasi ku mugwi w’abari bagumutse.