ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 49:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda+, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje+; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira+.

  • Gusubira mu vyagezwe 18:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Umuhanuzi avuye hagati yawe, avuye muri bene wanyu, nka jewe, ni we Yehova Imana yawe azoguhagurukiriza, ari na we mukwiye kwumviriza+,

  • Zaburi 16:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko utazompebera mu kuzimu+.

      Ntuzokwemera ko intahemuka yawe ibona icobo+.

  • Yesaya 7:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ni co gituma Yehova ubwiwe azobaha ikimenyetso: Raba! Umwigeme+ azokwibungenga koko+, avyare umuhungu+, kandi azomwita Emanweli.

  • Mika 5:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Nayo wewe, ewe Betelehemu Efurata+, wewe mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu bihumbi vya Yuda+, muri wewe+ hazomviramwo uwuzoba umutware muri Isirayeli+, amamo yiwe akaba ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera*+.

  • Malaki 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Ehe ntumye intumwa yanje+, na yo izotunganya inzira imbere yanje+. Kandi bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri+ azoza ku rusengero rwiwe+, uwo mwebwe murondera, be na ya ntumwa+ y’isezerano+, iyo muhimbarirwa+. Ehe azoza koko,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze+.

  • Ivyakozwe 9:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Mugabo Sauli yaguma arushiriza kuronka ububasha, vyongeye akamaramaza Abayuda baba i Damasiko mu kwemeza mu buryo bwumvikana yuko uyo ari Kristu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika