ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 49:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda+, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje+; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira+.

  • Guharura 24:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nzomubona+, mugabo si ubu;

      Nzomwitegereza, mugabo si hafi.

      Inyenyeri+ izova muri Yakobo koko,

      Kandi agakoni k’ubutware kazohaguruka koko kavuye muri Isirayeli+.

      Kandi azomenagura imisaya y’umutwe wa Mowabu+

      N’agahanga k’abahungu bose b’uruhagarara rw’intambara.

  • Luka 7:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ubwoba+ buca burabatekera bose, batangura kuninahaza Imana, bavuga bati: “Umuhanuzi akomeye+ yahagurukijwe muri twebwe,” kandi bati: “Imana yitayeho abantu bayo+.”

  • Luka 24:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Na we ababwira ati: “Ibiki?” Bamubwira bati: “Ivyerekeye Yezu Umunyanazareti+, uwabaye umuhanuzi+ w’ububasha mu bikorwa no mu majambo imbere y’Imana n’abantu bose;

  • Yohani 1:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 Filipo arondera Natanayeli+, amubwira ati: “Twabonye umwe Musa yandika ivyiwe mw’Itegeko+, n’Abahanuzi+ bakavyandika, ari we Yezu, wa mwana wa Yozefu+, w’i Nazareti.”

  • Yohani 6:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nya bantu rero ngo babone ibimenyetso akora, batangura kuvuga bati: “Ni ukuri uyu ni wa muhanuzi+ yabwirizwa kuza mw’isi.”

  • Ivyakozwe 3:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Nkako, Musa yavuze ati: ‘Yehova Imana azobahagurukiriza muri bene wanyu umuhanuzi ameze nkanje+. Mutegerezwa kumwumviriza mu vyo ababwira vyose+.

  • Ivyakozwe 7:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 “Uyo Musa ni we yabwiye bene Isirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza muri bene wanyu umuhanuzi ameze nkanje+.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika