ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 16:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Ubwishime buza imbere yo gusenyuka+, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara+.

  • 1 Abakorinto 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Rero ga bene wacu, ivyo bintu nabishikirije ukundi kugira ndavyerekeze kuri jewe na Apolo+ ku neza yanyu, ngo mu bitwerekeye mumenye iyi ngingo: “Ntimurenge ku bintu vyanditswe+,” kugira ngo ntimwivyimvye+ umwe wese ukwiwe mu kurutisha umuntu uwundi+.

  • Abagalatiya 6:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko nimba hari uwiyumvira ko hari ico ari kandi ari ubusa+, aba ariko arahenda umuzirikanyi wiwe.

  • Abanyefeso 4:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 muri n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+ be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya+, mwihanganirana mu rukundo+,

  • 1 Petero 5:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika