25 Turyama mu bimaramare vyacu+, kandi agateterwe kacu kaguma kadupfutse+; kuko Yehova Imana yacu ari we twacumuyeko+, twebwe na ba data, kuva mu buto bwacu gushika n’uyu musi+, kandi ntitwagamburukiye ijwi rya Yehova Imana yacu+.”
4 “Muri iyo misi no muri ico gihe+,” ni ko Yehova avuze, “bene Isirayeli bazoza bari kumwe na bene Yuda+. Bazogenda bararira ingenda+, kandi bazorondera Yehova Imana yabo+.