ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 26:52
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 52 Maze Yezu amubwira ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo+, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota+.

  • Abaroma 13:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ijoro rigeze kure; bugira buce+. Twiyambure rero ibikorwa vy’umwiza+ maze twambare ibirwanisho+ vy’umuco.

  • Abanyefeso 6:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ku bw’ivyo, mutore umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana+, kugira ngo mushobore kunana kuri wa musi mubi, kandi nimwamara gukora vyose mukanoganza, muhagarare mushikamye+.

  • 1 Abatesalonika 5:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nayo twebwe ab’umurango, tuzigame ubwenge bwacu kandi twambare ukwizera+ n’urukundo nk’igikingira igikiriza+, twambare n’icizigiro+ c’ubukiriro nk’inkofero+;

  • 1 Timoteyo 1:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Iryo bwirizwa+ ndarikujeje, mwananje Timoteyo, nk’uko ivyavuzwe imbere y’igihe+ vyari vyerekeje kuri wewe bidakikiriza, kugira ngo bigufashe kubandanya urwana intambara nziza+;

  • 2 Timoteyo 2:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Mugabo umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana+, ahubwo abwirizwa kuba umuntu yengenga kuri bose+, ashoboye kwigisha+, akaguma yiyumanganije mu mibabaro+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika