ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abagalatiya 3:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 None Itegeko ryoba rirwanya imihango Imana yatanze+? Ntibikabe! Kuko iyo haza kuba haratanzwe itegeko rishoboye gutanga ubuzima+, ubugororotsi buba vy’ukuri bwarabonetse biciye kw’itegeko+.

  • Abaheburayo 7:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Iyo rero ukutagira akanenge+ kuba vy’ukuri kuboneka biciye ku buherezi bw’Abalewi+ (kuko biciye kuri iyo ndinganizo ari ho abantu bahawe Itegeko+), vyokenerewe iki+ kandi ko hahaguruka uwundi muherezi mu buryo bwa Melekisedeki+, ntibivugwe ko ari mu buryo bwa Aroni?

  • Abaheburayo 7:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kuko Itegeko ata co ryatumye kiba ikitagira akanenge+, mugabo ukuzanwa kw’icizigiro kirushirije kuba ciza kwarabigize+, biciye kuri co tukaba turiko turegera Imana+.

  • Abaheburayo 8:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Mugabo ubu Yezu yaronse igikorwa gikorerwa abantu kirushirije kuba agahebuza, ku buryo ari we kandi muhuza+ w’isezerano rirushirije kuba ryiza ugereranije+, iryashinzwe mu buryo bwemewe ku mihango myiza kuruta+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika