4 Impamvu mfise ni uko hari abantu bamwebamwe bisobetse muri twebwe+ bagenewe+ urwo rubanza+ kera n’Ivyanditswe, abantu batibanga Imana+, bahindura ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana yacu icitwazo c’ubushirasoni+ kandi bakihakana+ umwe Databuja+ wacu rudende, akaba n’Umukama+, Yezu Kristu.