Luka 3:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 hanyuma impwemu nyeranda imanuka kuri we mu mero y’umubiri nk’inuma, maze ijwi riva mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye+.” Luka 4:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 “Impwemu ya Yehova+ iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta* kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya+, Yohani 1:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Yohani kandi yarashinze intahe, ati: “Nabonye impwemu imanuka nk’inuma, ivuye mw’ijuru, hanyuma iguma kuri we+. Ivyakozwe 10:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 inkuru yerekeye Yezu uwava i Nazareti, ingene Imana yamurobanuje impwemu nyeranda+ be n’ububasha, hanyuma agaca mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abo bose bahahazwa na Shetani*+; kubera ko Imana yari kumwe na we+.
22 hanyuma impwemu nyeranda imanuka kuri we mu mero y’umubiri nk’inuma, maze ijwi riva mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye+.”
18 “Impwemu ya Yehova+ iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta* kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya+,
32 Yohani kandi yarashinze intahe, ati: “Nabonye impwemu imanuka nk’inuma, ivuye mw’ijuru, hanyuma iguma kuri we+.
38 inkuru yerekeye Yezu uwava i Nazareti, ingene Imana yamurobanuje impwemu nyeranda+ be n’ububasha, hanyuma agaca mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abo bose bahahazwa na Shetani*+; kubera ko Imana yari kumwe na we+.