4 Kandi hirya no hino ya nya ntebe hari intebe z’ubwami mirongo ibiri na zine, kandi kuri izo ntebe z’ubwami+ mbona hicaye abakurambere*+ mirongo ibiri na bane+ bambaye impuzu zo hejuru zera+, ku mitwe yabo na ho hakaba ingori z’inzahabu+.
4 Maze ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ na vya binyabuzima bine+ bikubita hasi, basenga Imana yicaye+ kuri ya ntebe y’ubwami, bavuga bati: “Amen! Shemeze Ya+!”