Zaburi 113 Shemeze Ya+!Nimushikane ishemezo, yemwe basavyi ba Yehova+,Mushemeze izina rya Yehova+. 2 Izina rya Yehova riragahezagirwa+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+. 3 Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera+,Izina rya Yehova ni iryo gushemezwa+. 4 Yehova acitse uwuri hejuru cane y’amahanga yose+;Ubuninahazwa bwiwe buri hejuru y’amajuru+. 5 Ni nde ameze nka Yehova Imana yacu+,We yibera iyo hejuru+? 6 Arimanura ngo yitegereze ijuru n’isi+, 7 Akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu+;Ashira hejuru umworo amukuye mu kinogo c’umunyota+, 8 Kugira amwicarike hamwe n’abanyacubahiro+,Hamwe n’abanyacubahiro bo mu bantu biwe+. 9 Aha umugore w’ingumba kwibera mu nzu+Ari nyina w’abana anezerewe+.Shemeze Ya+!