Ururirimbo ku bw’Ukuduga.
121 Nzoraramurira amaso yanje ku misozi+.
Ugutabarwa kwanje kuzova hehe+?
2 Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova+,
Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.
3 Ntiyoshobora kwemera ko ikirenge cawe kinyiganyiga+.
Umwe akurinda ntiyoshobora guhunyiza+.
4 Raba! Ntazohunyiza canke ngo asinzire+,
Umwe arinda Isirayeli+.
5 Yehova arakurinda+.
Yehova ni igitutu cawe+ iburyo bwawe+.
6 Ku murango izuba ntirizogukubita+,
Canke ukwezi mw’ijoro+.
7 Yehova ubwiwe azokurinda ivyago vyose+.
Azorinda ubuzima bwawe+.
8 Yehova ubwiwe azorinda amaja n’amaza yawe+
Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.