Yobu
5 Raba! Nka kurya kw’imparage+ mu gahinga,
Bagiye ku gikorwa cabo, barondera ibifungurwa.
Ikiyaya c’ubugaragwa giha umwe wese umukate w’abana.
6 Bimbura indya zayo mw’ishamba,
Banyaga ningoga na ningoga umurima w’imizabibu w’umubisha.
8 Imvura y’igihuhusi yo mu misozi irabajobeka,
Kandi kubera ata bwugamo+, babwirizwa guhobera igitandara.
11 Bamara umutaga hagati y’ibihome vy’imikobeko;
Babwirizwa kuganisha ibirenge mu nganiro z’umuvinyu, ariko bakicwa n’inyota+.
12 Abari ku mpfiro baguma banihira mu gisagara,
Abakomeretse bimwe vyica na bo bagatabaza+;
Kandi Imana ubwayo ntibibona nk’ikintu kitabereye+.
14 Ku murango umwicanyi arahaguruka,
Akagandagura umurushwa n’umworo+;
Mw’ijoro na ho acika igisuma nyaco+.
15 Nayo ijisho ry’uwurenga ibigo+, rirereka agahwibi+,
Akavuga ngo: ‘Nta jisho rimbona+!’
Akipfuka ikintu mu maso.
17 Kuko kuri bo igitondo ari cokimwe n’igitutu kizitanye+,
Kuko bazi ibica ivutu bukwi na bukwi vy’igitutu kizitanye ivyo ari vyo.
18 Aranyaruka ku buringanire bw’amazi.
Igice cabo c’itongo kizovumwa mw’isi+.
Ntazohindukira agana inzira ija ku mirima y’imizabibu.
20 Igitereko kizomwibagira, urunyo ruzomunugubira+,
Ntazokwongera kwibukwa+.
Kandi ukutagororoka kuzovunwa nk’igiti+.
21 Agiranira imigenderanire n’umugore w’ingumba atavyara,
Akayigirana kandi n’umupfakazi+, uwo adakorera iciza na kimwe.
22 Azokwegesha ububasha bwiwe abakomeye;
Azohaguruka ariko yamanire impungenge ubuzima bwiwe.
24 Baduga hejuru akanya gatoyi, maze ntibabe bakiriho+,
Baracishwa bugufi+; bamyozwa nk’abandi bose,
Bagacacurwa nk’ihundo ry’intete.
25 None vy’ukuri, ni nde azonyemeza ko ndi umubeshi
Canke ngo ijambo ryanje arihindure ubusa?”