26 Yobu arishura ati:
2 “Ewe kuntu ufashije cane uwutagira inguvu!
Ewe kuntu ukijije ukuboko kutagira inkomezi+!
3 Ewe kuntu ugiriye inama uwutagira ubukerebutsi+,
Ukamenyesha ubukerebutsi ngirakamaro abantu indiri!
4 Ni nde ubwiye amajambo,
Ni impemu za nde zikuvuyemwo?
5 Barya ata co bashoboye mu rupfu baguma bajugumira
Munsi y’amazi n’ababa muri yo+.
6 Ukuzimu kuri amenya imbere yayo+,
N’ikibanza c’agatikizo nta murumyo kigira.
7 Iramvurira uburaruko mu kirere+,
Isi iyeneneka ku busa;
8 Itekera amazi mu bicu vyayo+,
Ku buryo ibicu bidasaduka kubera uburemere bwayo;
9 Itwikira mu maso h’intebe y’ubwami,
Igasanza kuri yo igicu cayo+.
10 Yaciye umuzingi ku buringanire bw’amazi+,
Gushika aho umuco n’umwiza vyigaburira.
11 Inkingi z’ijuru ubwazo ziranyiganyiga,
Zikumizwa n’uguhambara kwayo.
12 Izīkuruza ikiyaga inguvu zayo+,
Ikamenaguza+ ikirandaguzi+ ugutegera kwayo.
13 Yasenasenye ijuru biciye ku muyaga wayo+,
Ukuboko kwayo kwacumise ya nzoka inyerera+.
14 Raba! Utwo ni udusunwa tw’inzira zayo+,
Vyongeye, ese ingene ivyo twumva ku biyerekeye ari utwongoshwe gusa!
Ariko umuturagaro wayo ukomeye, ni nde yokwerekana ko awutegera+?”