Hoseya
13 “Igihe Efurayimu yaba avuze, abantu barajugumira; yari uwuhambaye muri Isirayeli+. Mugabo aba uwagirwa n’icaha ku bijanye na Bayali+ maze arapfa+. 2 Ubu na ho bakora ikindi gicumuro bakihingurira mw’ifeza yabo igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+, ibigirwamana nk’uko bavyumva+, vyose bikaba ari igikorwa c’abahinguzi b’utugenegene+. Babibwira* bati: ‘Abashikana ibimazi b’abagabo nibasome inyana+.’ 3 Ni co gituma bazoba nk’ibicu vyo mu gitondo+ bongere babe nk’ikime gikamangana kare; bazoba nk’umuguruka uvumbuwe n’ikirura ukava ku mbuga y’ikubitiro+, babe kandi nk’umwotsi ufumbukana mu ntoboro y’igisenge.
4 “Mugabo jewe ndi Yehova Imana yawe kuva igihe wava mu gihugu ca Misiri+, kandi nta yindi Mana wari uzi kiretse jewe; nta wundi mukiza yariho atari jewe+. 5 Jewe nakumenyeye mu gahinga+, mu gihugu c’inyonko+. 6 Nk’uko uburagiriro bwabo bwari buri, ni ko bahaze+. Barahaze maze umutima wabo utangura kwishira hejuru+. Ni co catumye banyibagira+. 7 Nzobabera nk’intambwe y’umukangara+. Nzoguma nderetse nk’ingwe iruhande y’inzira+. 8 Nzohura na bo nk’idubu yatakaje ivyana vyayo+, kandi nzobatantamura igikiriza. Nzobarokereza ng’aho nk’intambwe+; igikoko co mu gahinga kizobatabagura+. 9 Kizoguhonya ata kabuza+, ewe Isirayeli, kuko ivyo wagize wabigiriye jewe, ubigirira umutabazi wawe+.
10 “None umwami wawe ari hehe, ngo agukize mu bisagara vyawe vyose+, n’abacamanza bawe, abo wambwiye ku biberekeye uti: ‘Numpe umwami n’abaganwa+’? 11 Naraguhaye rero umwami nshavuye+, kandi nzomukuraho naratse+.
12 “Ikosa rya Efurayimu riratekeye, igicumuro ciwe kibitswe muri ntibate+. 13 Azofatwa n’imisonga y’ibise y’umugore ariko yibaruka+. Ni umwana atagira ubukerebutsi+, kuko nihagera atazohagarara igihe abana bazoba bariko barava mu gitereko+.
14 “Nzobacungura ndabakure mu kuboko kw’ukuzimu*+; nzobagarukana ndabakuye mu rupfu+. Rupfu we, za mboyi zawe ziri he+? Kuzimu we, kwa gutikiza kwawe kuri he+? Amaso yanje ntazogira impuhwe+.
15 “Naho yorondoka nk’umuvyaro w’amarenga+, umuyaga wo mu buseruko, umuyaga wa Yehova, uzoza+. Uraduze uvuye mu gahinga, kandi uzokamya iriba ryiwe wongere utume imbizi yiwe igaduka+. Uwo, azosahura itunga rigizwe n’ibintu bihimbaye vyose+.
16 “Samariya azoharurwako icaha+, kuko agarariza koko Imana yiwe+. Bazogwishwa n’inkota+. Abana babo bazomenagurwa+, abagore babo bibungenze na bo bafomozwe+.”