Luka
21 Araramuye amaso, abona abatunzi batiburira amashikanwa yabo mu dusandugu two mw’ishikaniro+. 2 Maze abona umupfakazi umwe w’umukene atiburiyeyo uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane+, 3 avuga ati: “Ndababwiye ukuri: Uyu mupfakazi, naho ari umworo, yatiburiyeyo vyinshi gusumba ivyo bose batiburiyeyo+. 4 Kuko abo bose batiburiyeyo amashikanwa avuye ku musesekara wabo, mugabo uyu mugore we, ku bukene bwiwe, yatiburiyeyo uburyo bwose afise bwo kubaho+.”
5 Mu nyuma, igihe bamwe bariko bavuga ivyerekeye urusengero, ingene rwari rusharijwe n’amabuye mezameza be n’ibintu vyeguriwe Imana+, 6 avuga ati: “Nayo ibi bintu mubona, imisi izoza aho ng’aha ata buye rizosigara rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+.” 7 Maze bamubaza bati: “Mwigisha, ivyo bizoba ryari vy’ukuri, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso igihe ivyo bintu bizoba bigira bibe+?” 8 Avuga ati: “Mwiyubare ntimuzimizwe+; kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ndi we,’ kandi ngo: ‘Igihe kiregereje+.’ Ntimuze mubakurikire. 9 Ikigeretseko, nimwumva intambara n’imivurungano, ntimuze mutekerwe n’ubwoba+. Kuko ivyo bitegerezwa kubanza kuba, mugabo iherezo ntirizoca rishika buno nyene.”
10 Maze abandanya kubabwira ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga+, n’ubwami buhagurukire ubundi bwami+; 11 kandi hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa+ biva hamwe bija ahandi; kandi hazoba ibintu biteye ubwoba habe n’ibimenyetso bikomakomeye biva mw’ijuru+.
12 “Mugabo imbere y’uko ivyo vyose biba, bazobashorerako amaboko, babahame+, babatange ku masinagogi no ku mabohero, babakwege babatwara imbere y’abami na ba buramatari ku bw’izina ryanje+. 13 Bizobaviramwo intahe+. 14 Nuko rero mwiyemeze mu mitima yanyu kutimenyereza imbere y’igihe ingene muzokwiburanira+, 15 kuko nzobaha akanwa n’ubukerebutsi ababarwanya bose hamwe batazoshobora kurwanya canke guhaririza+. 16 Vyongeye, muzotangwa mbere n’abavyeyi+ na bene wanyu n’incuti n’abagenzi, kandi bazokwica bamwe muri mwebwe+; 17 kandi muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje+. 18 Yamara nta n’agashatsi+ ko ku mitwe yanyu kazogenda kavuyeko. 19 Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubuzima bwanyu+.
20 “Ikigeretseko, nimwabona Yeruzalemu ikikujwe+ n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje+. 21 Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi, abari hagati muri Yeruzalemu na bo bazoce bavayo, abari hagati mu gihugu na bo ntibaze binjireyo+; 22 kuko iyo izoba ari imisi yo gushitsa ubutungane, kugira ngo ibintu vyose vyanditswe biranguke+. 23 Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! Kuko hazoba amarushwa akomeye ku gihugu n’uburake kuri iki gisata; 24 kandi bazoririkwa n’ubugi bw’inkota bongere batwarwe ari imbohe mu mahanga yose+; kandi Yeruzalemu hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe+ vy’amahanga birangutse.
25 “Vyongeye, hazoba ibimenyetso mu zuba+ n’ukwezi n’inyenyeri, kandi kw’isi hazoba umubabaro mwinshi mu mahanga, ntamenye ingene yobikika kubera ukwasana kw’ikiyaga+ n’ugusuriranya kwaco+, 26 kandi abantu bazorabikwa n’ubwoba+ be n’ukwitega ibintu biza kw’isi+; kuko ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa+. 27 Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aza mu gicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+. 28 Mugabo ivyo bintu nivyatangura kuba, muze muhagarare mugororotse, muraramike imitwe, kuko ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza.”
29 Kuri ivyo abaha ikigereranyo ati: “Itegereze igiti c’umusukoni be n’ibindi biti vyose+: 30 Iyo bimaze kuzana iminago, muvyihweje muca mumenya ubwanyu yuko ici* riri hafi+. 31 Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi+. 32 Ni ukuri ndabibabwiye: Iri yaruka ntirizogenda rivuyeho vyose bitabaye+. 33 Ijuru n’isi bizovaho+, mugabo amajambo yanje ntazogenda avuyeho+.
34 “Mugabo mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero+ be n’amaganya+ y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako ako kanya nyene+ 35 nk’umutego+. Kuko uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera+. 36 Mugume murikanuye+ rero, mutakamba igihe cose+ kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu+.”
37 Ku murango rero yarigisha mu rusengero+, mugabo mw’ijoro agasohoka akaja kurara ku musozi witwa umusozi w’Imyelayo+. 38 Kandi abantu bose+ baraza mu gatondo ka kare kuri we mu rusengero kumwumva.