-
Guharura 5:14, 15Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Umugabo wiwe niyagira ishari agatangura kumwikeka, yaba yarihumanije canke atihumanije, 15 azoca azana umugore wiwe ku muherezi yitwaje ishikanwa amutangira ringana n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu ya sayiri. Ntaze arisukeko amavuta canke ngo arishireko imibavu*, kuko ari ishikanwa ry’intete ry’ishari, ishikanwa ry’intete ryibutsa icaha.
-