-
Guharura 28:11-13Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Mu ntango za buri kwezi, muzoshikanira Yehova ishikanwa riturirwa rigizwe n’ishuri zibiri zikiri nto be n’impfizi y’intama n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka umwumwe kandi itagira akanenge+. 12 Muzobitangana n’ishikanwa ry’intete+ rigizwe n’ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta kw’ishuri imwimwe, ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta ku mpfizi y’intama+, 13 hamwe n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ic’icumi c’ingero ya efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta ku mwagazi umwumwe. Ni ishikanwa riturirwa ry’akamoto kamotera neza* Yehova+, ishikanwa bashikanisha umuriro.
-