ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 77:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Wayoboye abantu bawe nk’ubusho bw’ibitungwa+,

      ukoresheje* Musa na Aroni+.

  • Yesaya 40:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Kurya kw’umwungere, azokwitaho* ubusho bwiwe+.

      Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe,

      ayitware mu gikiriza ciwe.

      Izonsa azoziyobora yengenga+.

  • Yeremiya 31:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Nimwumve ijambo rya Yehova, mwa mahanga,

      mubitangaze mu mazinga ya kure+ muti:

      «Uwasanzaje Abisirayeli ni we azobakoraniriza hamwe.

      Azobarinda nk’uko umwungere arinda ubusho bwiwe+.

  • Ezekiyeli 34:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Nzokwitaho intama zanje nka kurya umwungere agaburira intama ziwe yatoye zari zasanzaye+. Nzozirokora ndazikure mu bibanza vyose zari zarasanzariyemwo ku musi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya+.

  • 1 Petero 2:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Kuko mwari nk’intama ziriko zirazimira+, ariko ubu mwaragarutse kuri wa mwungere+ akaba n’umuhagarikizi* w’ubuzima bwanyu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika