ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 7:23, 24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Mugabo iri tegeko ryoryo nararibahaye, nti: ‘Nimwumvire ijwi ryanje, nanje nzobabera Imana, namwe mube abantu banje+. Muze mugendere mu nzira zose ndabategetse gucamwo kugira ngo muroranirwe+.’” 24 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+, ahubwo bisunze imigambi* yabo mibi, bakurikira umutima wabo mubi babigiranye akagagazo+. Basubiye inyuma aho kuja imbere.

  • Yeremiya 11:7, 8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Kuko kuva ku musi nakura ba sogokuruza banyu mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi nababuriye nshimitse, nkababurira incuro n’izindi* nti: ‘Nimwumvire ijwi ryanje+.’ 8 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi. Ahubwo umwe wese yagumye akurikira umutima wiwe mubi abigiranye akagagazo+. Ni co catumye ndabazanako ibintu vyose biri muri iri sezerano. Nari narabategetse kurikurikiza, banka kubikora.”»

  • Mika 6:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Kuko mwubahiriza ivyagezwe vya Omuri, mukigana ivyo abo mu muryango wa Ahabu bakora vyose+,

      kandi mugakurikiza ivyiyumviro vyabo.

      Ni co gituma nzobagira akajoreza,

      ababa mu gisagara nkabagira ikintu co kuvugiriza agahwa+.

      Amahanga azobagaya+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika