-
Yeremiya 7:23, 24Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
23 Mugabo iri tegeko ryoryo nararibahaye, nti: ‘Nimwumvire ijwi ryanje, nanje nzobabera Imana, namwe mube abantu banje+. Muze mugendere mu nzira zose ndabategetse gucamwo kugira ngo muroranirwe+.’” 24 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+, ahubwo bisunze imigambi* yabo mibi, bakurikira umutima wabo mubi babigiranye akagagazo+. Basubiye inyuma aho kuja imbere.
-
-
Yeremiya 11:7, 8Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
7 Kuko kuva ku musi nakura ba sogokuruza banyu mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi nababuriye nshimitse, nkababurira incuro n’izindi* nti: ‘Nimwumvire ijwi ryanje+.’ 8 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi. Ahubwo umwe wese yagumye akurikira umutima wiwe mubi abigiranye akagagazo+. Ni co catumye ndabazanako ibintu vyose biri muri iri sezerano. Nari narabategetse kurikurikiza, banka kubikora.”»
-