ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 135:15-18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Ibigirwamana vy’amahanga ni ifeza n’inzahabu,

      kandi vyakozwe n’amaboko y’abantu+.

      16 Bifise umunwa ariko ntibivuga+.

      Bifise amaso ariko ntibibona.

      17 Bifise amatwi ariko ntivyumva.

      Nta mpemu ziri mu mazuru yavyo+.

      18 Ababikora bazomera nka vyo+,

      eka mbere n’abavyizigira bose+.

  • Yesaya 40:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Umunyamwuga arashongesha icuma agakora ikigirwamana,

      umucuzi akagihomekako inzahabu+,

      agacura n’iminyororo y’ifeza.

  • Yesaya 46:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Hari abakura inzahabu nyinshi mw’isaho,

      bagapima ifeza ku munzane.

      Barariha umucuzi, na we akabikoramwo imana+.

      Baraheza bakayikubita imbere bakayisenga*+.

  • Yeremiya 10:3, 4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  3 Kuko imigenzo y’amahanga ari uruhendo*.

      Umubaji w’umuhinga araca igiti gisanzwe co mw’ishamba,

      akagihinguramwo ikigirwamana akoresheje igikoresho ciwe+.

       4 Baragishariza bakoresheje ifeza n’inzahabu+,

      bakagifatisha imisumari n’inyundo kugira ntigitembe+.

  • Yeremiya 10:8, 9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 Bose ni imburabwenge n’ibijuju+.

      Kwigishwa n’igiti nta co bimaze*+.

       9 Bakura ifeza zifyase i Tarushishi+ n’inzahabu i Ufazi.

      Ivyo vyose vyahinguwe n’umunyamwuga w’umuhinga, bikorwa n’amaboko y’umucuzi.

      Impuzu z’ivyo bigirwamana zikozwe mu nyuzi z’ubururu no mu bwoya busa n’umuyugubwe*.

      Vyose vyakozwe n’abakozi b’abahinga.

  • Ivyakozwe 19:26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 26 Mugabo muramaze kwibonera no kwumva ingene uwo Pawulo yatumye isinzi ritari rito ryemera ivyo avuga rigahindura ivyiyumviro. Avuga ko imana zakozwe n’amaboko atari imana vy’ukuri+. Kandi ivyo ntabikora i Efeso+ gusa, arabikora no mu ntara ya Aziya nka yose.

  • 1 Abakorinto 10:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 None nshaka kuvuga iki? Noba nshaka kuvuga ko ivyashikaniwe ibigirwamana hari ico bimaze? Canke ko ibigirwamana hari ico bimaze?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika