10 Kubera ubukozi bw’ikibi wagiriye mwenewanyu Yakobo+,
uzokwuzura ibimaramare+,
kandi uzozimangana ibihe vyose+.
11 Umusi wari wihagarariye ku ruhande,
umusi ab’ahandi batwara ingabo ziwe bakazigira imbohe+,
igihe abanyamahanga binjira mw’irembo ryiwe bagapfindira+ Yeruzalemu,
wakoze nka bo.
12 Ntiwari ukwiye kwigina ku musi mwenewanyu ashikirwa n’amagorwa+.
Ntiwari ukwiye kunezerwa ku musi abantu bo mu Buyuda bahona+,
kandi ntiwari ukwiye kuvugana ubwishime ku musi w’amarushwa yabo.
13 Ntiwari ukwiye guca mw’irembo ry’abantu banje ku musi bashikirwa n’ivyago+.
Ntiwari ukwiye kwigina amakuba babonye ku musi bashikirwa n’ivyago,
kandi ntiwari ukwiye gutwara ivyo batunze ku musi bashikirwa n’ivyago+.