ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 49:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Ku bijanye na Edomu, Yehova Nyeningabo avuze ati:

      «Mbega i Temani nta bukerebutsi bukiriyo+?

      Mbega abafise ugutegera nta mpanuro nziza bagifise batanga?

      Mbega ubukerebutsi bwabo bwaraboze?

  • Gucura intimba 4:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Ewe mukobwa wa Siyoni, igihano c’ikosa ryawe carangiye.

      Ntazosubira kukujana mu bunyagano+.

      Mugabo wewe Edomu*, ikosa ryawe azoryitaho.

      Azoshira ahabona ibicumuro vyawe+.

  • Ezekiyeli 25:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Edomu yarihoye abo mu Buyuda, bituma yagirwa n’ikosa rikomeye+.

  • Obadiya 10-13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Kubera ubukozi bw’ikibi wagiriye mwenewanyu Yakobo+,

      uzokwuzura ibimaramare+,

      kandi uzozimangana ibihe vyose+.

      11 Umusi wari wihagarariye ku ruhande,

      umusi ab’ahandi batwara ingabo ziwe bakazigira imbohe+,

      igihe abanyamahanga binjira mw’irembo ryiwe bagapfindira+ Yeruzalemu,

      wakoze nka bo.

      12 Ntiwari ukwiye kwigina ku musi mwenewanyu ashikirwa n’amagorwa+.

      Ntiwari ukwiye kunezerwa ku musi abantu bo mu Buyuda bahona+,

      kandi ntiwari ukwiye kuvugana ubwishime ku musi w’amarushwa yabo.

      13 Ntiwari ukwiye guca mw’irembo ry’abantu banje ku musi bashikirwa n’ivyago+.

      Ntiwari ukwiye kwigina amakuba babonye ku musi bashikirwa n’ivyago,

      kandi ntiwari ukwiye gutwara ivyo batunze ku musi bashikirwa n’ivyago+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika