-
Yosuwa 13:8, 9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
8 Ikindi gice c’umuryango wa Manase, Abarubeni hamwe n’Abagadi bari baronse intoranwa yabo mu buseruko bwa Yorodani. Ni ya ntoranwa nyene Musa umusavyi wa Yehova yabaha+. 9 Bahawe akarere kava ku gisagara ca Aroweri+ kiri ku mpera y’umubande* wa Arunoni+, n’igisagara kiri hagati muri uwo mubande, n’itāba ryose rya Medeba gushika i Diboni.
-