Yeremiya 23:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 23 Yehova avuze ati: «Baragowe abungere bariko barahonya bakongera bagasanzaza intama zo mw’itongo ryanje ryo kuragiramwo+!» Yeremiya 50:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Abantu banje babaye nk’ubusho bw’intama zazimiye+. Abungere babo ni bo batumye bata inzira+. Babajanye ku misozi, bakaza barabayerereza bava kuri uyu musozi canke uyu murambi baja ku wundi. Baribagiye ahantu habo ho kuruhukira. Ezekiyeli 34:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Zaciye zisanzara kubera ata mwungere yariho+. Zarasanzaye ziribwa n’ibikoko vyose vyo mu gahinga.
23 Yehova avuze ati: «Baragowe abungere bariko barahonya bakongera bagasanzaza intama zo mw’itongo ryanje ryo kuragiramwo+!»
6 Abantu banje babaye nk’ubusho bw’intama zazimiye+. Abungere babo ni bo batumye bata inzira+. Babajanye ku misozi, bakaza barabayerereza bava kuri uyu musozi canke uyu murambi baja ku wundi. Baribagiye ahantu habo ho kuruhukira.