Mika
3 Maze mvuga nti: «Ndabinginze mwumve, yemwe bakuru b’abakomoka kuri Yakobo,
namwe batware b’Abisirayeli+.
Mbega ntimwari mukwiye kumenya ibigororotse?
2 Mugabo muranka iciza+ mugakunda ikibi+.
Abantu banje mubakurako urukoba, amagufa yabo mukayakurako inyama+.
3 Vyongeye murarya inyama z’abantu banje+,
mukabakurako urukoba,
mukavunagura amagufa yabo, mukayajanjagura+
nk’amagufa bateka mu nkono*, nk’inyama zitekwa mu nkono.
4 Ico gihe bazotabaza Yehova,
mugabo ntazobishura.
5 Ku bijanye n’abahanuzi bazimiza abantu banje+,
bamwe bavuga ngo: “Ni amahoro+!” igihe bariko barasemura*+,
ariko bakarwanya* uwutagize ico abaha ngo bashire ku munwa, Yehova avuze ati:
Abo bahanuzi izuba rizobarengerako,
umurango ubabere umwiza+.
Bose bazopfuka ubwanwa bwo haruguru*,
kubera ko ata nyishu ivuye ku Mana bazoronka.”»
8 Ariko jeho, kubera impwemu ya Yehova, nuzuye ububasha,
ubutungane n’inkomezi,
kugira ngo menyeshe Yakobo ubugarariji bwiwe, na Isirayeli ndayimenyeshe igicumuro cayo.
9 Ndabinginze mwumve ibi, yemwe bakuru b’abakomoka kuri Yakobo
namwe batware b’Abisirayeli+,
mwebwe abanka urunuka ubutungane, mukagoramika ibintu vyose bigororotse+,
10 mukubaka Siyoni murinze gusesa amaraso, mukubaka Yeruzalemu murinze gukora ibitagororotse+.
Yamara bishimikiza Yehova* bakavuga ngo:
«None Yehova ntari kumwe natwe+?
Nta cago kizodushikira+.»