Yona
2 Maze Yona asengera Yehova Imana yiwe mu nda y’urwo rufi+, 2 avuga ati:
«Naragutakambiye Yehova ndi mu marushwa, nawe uranyishura*+.
Natabaje ndi ibwina mu kuzimu*+.
Warumvise ijwi ryanje.
Imikuba yawe yose isuriranya n’imipfunda yawe yose vyarandengeye+.
4 Navuze nti: “Narirukanywe mva imbere y’amaso yawe.
Nzokwongera gute kwitegereza urusengero rwawe rweranda?”
Ivyatsi vyo mu mazi vyaranyizingiriye ku mutwe.
6 Naradwibiye manuka epfo mu matanguriro y’imisozi.
Ivyugazo vy’isi vyariko biranyugarana ibihe bidahera.
Mugabo warakuye ubuzima bwanje mu cobo, ewe Yehova Mana yanje+!
7 Igihe nari ngira mpfe, ni wewe nibutse Yehova+.
Maze isengesho ryanje rirashika iyo uri, mu rusengero rwawe rweranda+.
8 Abihebeye ibigirwamana ata co bimaze bahevye Imana ibereka urukundo rudahera*.
9 Ariko jeho, nzogushikanira ibimazi, nkenguruka.
Ico naraganye nzogishitsa+.
Yehova ni we atanga ubukiriro+.»
10 Amaherezo Yehova ategeka nya rufi maze rudahwa Yona i musozi.