ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 40
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Nebuzaradani arekura Yeremiya (1-6)

      • Gedaliya azezwa igihugu (7-12)

      • Umugambi wo kwica Gedaliya (13-16)

Yeremiya 40:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 39:9; 52:12, 13
  • +Yos 18:21, 25

Yeremiya 40:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 50:7

Yeremiya 40:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 39:11, 12

Yeremiya 40:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:22; Yr 39:13, 14; 41:2
  • +2Bm 22:12, 13; Yr 26:24
  • +2Bm 22:8

Yeremiya 40:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 20:1; 1Bm 15:22

Yeremiya 40:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:22; Yr 39:10

Yeremiya 40:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:23
  • +2Bm 25:25
  • +Yr 41:11, 16; 43:2
  • +Yr 42:1, 2

Yeremiya 40:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:24; Yr 27:11

Yeremiya 40:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mpagarare imbere y’Abakaludaya.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 39:10

Yeremiya 40:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 41:10
  • +Yr 41:2

Yeremiya 40:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:22

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 40:1Yr 39:9; 52:12, 13
Yer. 40:1Yos 18:21, 25
Yer. 40:3Yr 50:7
Yer. 40:4Yr 39:11, 12
Yer. 40:52Bm 25:22; Yr 39:13, 14; 41:2
Yer. 40:52Bm 22:12, 13; Yr 26:24
Yer. 40:52Bm 22:8
Yer. 40:6Abc 20:1; 1Bm 15:22
Yer. 40:72Bm 25:22; Yr 39:10
Yer. 40:82Bm 25:23
Yer. 40:82Bm 25:25
Yer. 40:8Yr 41:11, 16; 43:2
Yer. 40:8Yr 42:1, 2
Yer. 40:92Bm 25:24; Yr 27:11
Yer. 40:10Yr 39:10
Yer. 40:14Yr 41:10
Yer. 40:14Yr 41:2
Yer. 40:162Bm 25:22
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 40:1-16

Yeremiya

40 Yehova yaravuganye na Yeremiya inyuma y’aho Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami amurekuriye i Rama+. Yari yamutwayeyo aboheshejwe amapingu, akaba yari mu bandi bantu bose b’i Yeruzalemu no mu Buyuda bariko barajanwa mu bunyagano i Babiloni. 2 Nuko uwo mukuru w’abacungera umwami ashira Yeremiya ku ruhande amubwira ati: «Yehova Imana yawe yari yaravuze ko aha hantu hazoshikirwa n’ibi vyago, 3 kandi Yehova yabishikije nk’uko nyene yabivuze, kuko mwacumuye kuri Yehova, ntimwumvira ijwi ryiwe. Ni co gituma mwashikiwe n’ibi bintu+. 4 Uyu musi rero ndagukuyeko amapingu yari ku maboko yawe. Ushimye kujana nanje i Babiloni, nuze tugende, nzokwitwararika. Mugabo nimba udashaka kujana nanje i Babiloni, ntuze. Ehe igihugu cose kiri imbere yawe. Nuje iyo ushaka+.»

5 Yeremiya atarafata ingingo yo gusubira inyuma, Nebuzaradani avuga ati: «Subira kwa Gedaliya+ mwene Ahikamu, Ahikamu+ mwene Shafani+, umwe umwami wa Babiloni yajeje ibisagara vy’Ubuyuda, ugumane na we mu bandi bantu, canke uje iyo ushaka.»

Uwo mukuru w’abacungera umwami araheza amuha ibifungurwa n’ingabire, aca aramureka aragenda. 6 Nuko Yeremiya aja kwa Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa+, agumana na we mu bandi bantu bari basigaye mu gihugu.

7 Mu nyuma abakuru bose b’ingabo bari irya n’ino mu gihugu, bo n’ingabo zabo bumva ko umwami wa Babiloni yajeje igihugu Gedaliya mwene Ahikamu, amuzeza n’abanyagihugu b’abakene batari barajanywe i Babiloni, bagizwe n’abagabo, abagore n’abana+. 8 Baza rero kwa Gedaliya i Mizipa+. Abaje ni aba: Ishimayeli+ mwene Netaniya, Yohanani+ na Yonatani bene Kareya, Seraya mwene Tanihumeti, bene Efayi w’i Netofa na Yezaniya+ avyarwa n’umugabo w’i Mayaka. Baje bazananye n’ingabo zabo. 9 Nuko Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani arabarahira, bo hamwe n’ingabo zabo ati: «Ntimutinye gukorera Abakaludaya. Nimube mu gihugu mukorere umwami wa Babiloni, bizoheza bibagendere neza+. 10 Nayo jewe, nzoguma i Mizipa kugira ndabaserukire ku Bakaludaya* bazoza baraza iwacu. Mugabo mwebwe, nimwegeranye inzabibu z’umuvinyu, ivyamwa vyera mu ci n’amavuta, mubishire mu bintu babibikamwo, maze mwibere mu bisagara mwigaruriye+.»

11 Abayuda bose bari i Mowabu, mu Bamoni, i Edomu n’abari mu bindi bihugu vyose, na bo nyene bumva ko umwami wa Babiloni hari abo yari yasize mu Buyuda be n’uko yari yabajeje Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani. 12 Abayuda bose rero batangura kugaruka bavuye iyo bari barashwiragiriye hose, baza mu Buyuda kwa Gedaliya i Mizipa. Begeranya inzabibu z’umuvinyu n’ivyamwa vyera mu ci, vyinshi cane.

13 Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari irya n’ino mu gihugu, baza kwa Gedaliya i Mizipa. 14 Maze bamubwira bati: «Wari uzi ko Bayalisi umwami w’Abamoni+ yatumye Ishimayeli mwene Netaniya kukwica+?» Mugabo Gedaliya mwene Ahikamu ntiyavyemera.

15 Yohanani mwene Kareya aca abwira Gedaliya mu mpisho bari i Mizipa ati: «Ngira nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya, kandi nta wubimenya. Kubera iki yokwica, bigatuma abo mu Buyuda bose bariko bakoranira kuri wewe bashwiragira, abari basigaye mu Buyuda na bo bagahona?» 16 Mugabo Gedaliya+ mwene Ahikamu abwira Yohanani mwene Kareya ati: «Ntubikore kuko uriko urabeshera Ishimayeli.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika