Yeremiya
40 Yehova yaravuganye na Yeremiya inyuma y’aho Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami amurekuriye i Rama+. Yari yamutwayeyo aboheshejwe amapingu, akaba yari mu bandi bantu bose b’i Yeruzalemu no mu Buyuda bariko barajanwa mu bunyagano i Babiloni. 2 Nuko uwo mukuru w’abacungera umwami ashira Yeremiya ku ruhande amubwira ati: «Yehova Imana yawe yari yaravuze ko aha hantu hazoshikirwa n’ibi vyago, 3 kandi Yehova yabishikije nk’uko nyene yabivuze, kuko mwacumuye kuri Yehova, ntimwumvira ijwi ryiwe. Ni co gituma mwashikiwe n’ibi bintu+. 4 Uyu musi rero ndagukuyeko amapingu yari ku maboko yawe. Ushimye kujana nanje i Babiloni, nuze tugende, nzokwitwararika. Mugabo nimba udashaka kujana nanje i Babiloni, ntuze. Ehe igihugu cose kiri imbere yawe. Nuje iyo ushaka+.»
5 Yeremiya atarafata ingingo yo gusubira inyuma, Nebuzaradani avuga ati: «Subira kwa Gedaliya+ mwene Ahikamu, Ahikamu+ mwene Shafani+, umwe umwami wa Babiloni yajeje ibisagara vy’Ubuyuda, ugumane na we mu bandi bantu, canke uje iyo ushaka.»
Uwo mukuru w’abacungera umwami araheza amuha ibifungurwa n’ingabire, aca aramureka aragenda. 6 Nuko Yeremiya aja kwa Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa+, agumana na we mu bandi bantu bari basigaye mu gihugu.
7 Mu nyuma abakuru bose b’ingabo bari irya n’ino mu gihugu, bo n’ingabo zabo bumva ko umwami wa Babiloni yajeje igihugu Gedaliya mwene Ahikamu, amuzeza n’abanyagihugu b’abakene batari barajanywe i Babiloni, bagizwe n’abagabo, abagore n’abana+. 8 Baza rero kwa Gedaliya i Mizipa+. Abaje ni aba: Ishimayeli+ mwene Netaniya, Yohanani+ na Yonatani bene Kareya, Seraya mwene Tanihumeti, bene Efayi w’i Netofa na Yezaniya+ avyarwa n’umugabo w’i Mayaka. Baje bazananye n’ingabo zabo. 9 Nuko Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani arabarahira, bo hamwe n’ingabo zabo ati: «Ntimutinye gukorera Abakaludaya. Nimube mu gihugu mukorere umwami wa Babiloni, bizoheza bibagendere neza+. 10 Nayo jewe, nzoguma i Mizipa kugira ndabaserukire ku Bakaludaya* bazoza baraza iwacu. Mugabo mwebwe, nimwegeranye inzabibu z’umuvinyu, ivyamwa vyera mu ci n’amavuta, mubishire mu bintu babibikamwo, maze mwibere mu bisagara mwigaruriye+.»
11 Abayuda bose bari i Mowabu, mu Bamoni, i Edomu n’abari mu bindi bihugu vyose, na bo nyene bumva ko umwami wa Babiloni hari abo yari yasize mu Buyuda be n’uko yari yabajeje Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani. 12 Abayuda bose rero batangura kugaruka bavuye iyo bari barashwiragiriye hose, baza mu Buyuda kwa Gedaliya i Mizipa. Begeranya inzabibu z’umuvinyu n’ivyamwa vyera mu ci, vyinshi cane.
13 Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari irya n’ino mu gihugu, baza kwa Gedaliya i Mizipa. 14 Maze bamubwira bati: «Wari uzi ko Bayalisi umwami w’Abamoni+ yatumye Ishimayeli mwene Netaniya kukwica+?» Mugabo Gedaliya mwene Ahikamu ntiyavyemera.
15 Yohanani mwene Kareya aca abwira Gedaliya mu mpisho bari i Mizipa ati: «Ngira nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya, kandi nta wubimenya. Kubera iki yokwica, bigatuma abo mu Buyuda bose bariko bakoranira kuri wewe bashwiragira, abari basigaye mu Buyuda na bo bagahona?» 16 Mugabo Gedaliya+ mwene Ahikamu abwira Yohanani mwene Kareya ati: «Ntubikore kuko uriko urabeshera Ishimayeli.»