15 Nuko Yohanani+ mwene Kareya abwirira Gedaliya mu bwihisho i Mizipa ati: “Ubu ngira nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya, kuko ata muntu n’umwe azobimenya+. Kubera iki yokwica, kandi kubera iki abo muri Yuda bose bariko bakoranirizwa kuri wewe boshwiragira, amasigarira ya Yuda na yo akayogera+?”