Ivyahishuriwe Yohani
6 Hanyuma mbona wa Mwagazi w’intama+ amatuye kamwe muri twa dushashara indwi+, nca numva kimwe muri vya binyabuzima bine+ kivuze n’ijwi nk’iry’umuturagaro giti: «Ingo!» 2 Ngize gutya, mbona ifarasi yera+ kandi uwuyicayeko yari afise umuheto. Ahabwa urugori+ maze arasohoka, agenda aratsinda gushika asozereye intsinzi yiwe+.
3 Amatuye agashashara kagira kabiri, nca numva ikinyabuzima kigira kabiri+ kivuze giti: «Ingo!» 4 Haca haza iyindi farasi y’ibara risa n’umuriro. Uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro kw’isi kugira abantu bicane, ahabwa n’inkota ndende+.
5 Amatuye agashashara kagira gatatu+, nca numva ikinyabuzima kigira gatatu+ kivuze giti: «Ingo!» Ngize gutya, mbona ifarasi yirabura kandi uwuyicayeko yari afise umunzane mu minwe. 6 Maze numva ijwi rivugiye hagati ya vya binyabuzima bine riti: «Ingero* imwe y’ingano kw’idenariyo*+, n’ingero zitatu za sayiri kw’idenariyo, kandi ntusesagure* amavuta y’imyelayo* n’umuvinyu+.»
7 Amatuye agashashara kagira kane, nca numva ijwi ry’ikinyabuzima kigira kane+ rivuze riti: «Ingo!» 8 Ngize gutya, mbona ifarasi ibenjutse kandi uwuyicayeko yitwa Rupfu. Kuzimu na we yaguma amukurikira ari hafi yiwe. Bahabwa ububasha ku ca kane c’isi kugira bicishe abantu inkota ndende, inzara+, ibiza hamwe n’ibikoko vyo mw’ishamba+.
9 Amatuye agashashara kagira gatanu, nca mbona munsi y’igicaniro+ amaraso*+ y’abishwe kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa co gushinga intahe bakoze+. 10 Baca barasemerera n’ijwi rirenga bati: «Mukama Segaba, wewe mweranda kandi w’ukuri+, uzorindira gucira urubanza ababa kw’isi gushika ryari no kubahora amaraso yacu+?» 11 Umwe wese muri bo ahabwa ikanzu yera+, maze basabwa kuruhuka kandi gatoyi, mu kurindira ko igitigiri c’abashumba bagenzi babo na benewabo bagira bicwe nk’uko na bo nyene bishwe gikwira+.
12 Hanyuma mbona amatuye agashashara kagira gatandatu, haca haba nyamugigima ikomeye. Izuba rica ririrabura nk’igunira ry’ubwoya*, ukwezi kwose kumera nk’amaraso+, 13 inyenyeri zo kw’ijuru na zo zitibagurikira kw’isi nka kurya igiti c’umusukoni gitibagura insukoni z’ibiturumbwe, iyo kinyigangijwe n’umuyaga ukomeye. 14 Ijuru rica ririzinga nka kurya kw’umuzingo bazinze+, imisozi yose n’amazinga yose na vyo biva mu bibanza vyavyo+. 15 Maze abami bo kw’isi, abategetsi bakurubakuru, abakuru mu gisirikare*, abatunzi, abakomakomeye, abashumba bose n’abantu bose bidegemvya, binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo mu misozi+. 16 Baguma babwira imisozi n’ibitandara bati: «Nimutugweko+, muduhishe amaso y’Umwe yicaye ku ntebe y’ubwami+ n’uburake bw’Umwagazi w’intama+, 17 kuko umusi uhambaye w’uburake bwabo ushitse+. Ni nde yoshobora kuwihanganira+?»