Ni zaburi ya Asafu+.
82 Imana ifashe icicaro mw’ikoraniro ryeranda+.
Ica imanza hagati y’abameze nk’imana+, ikavuga iti:
2 «Muzogeza ryari guca imanza zigoramye+
no kugirira nkunzi ababisha+? (Sela)
3 Nimuburanire umuntu mutomuto n’impfuvyi+.
Nimutunganirize uwutagira gitabara na ntahonikora+.
4 Nimutabare abantu batobato n’abakene,
mubarokore mu maboko y’ababisha.»
5 Nta na kimwe bazi, nta na kimwe batahura+.
Bagendera mu mwiza.
Imishinge yose y’isi iranyiganyiga+.
6 «Navuze nti: “Muri imana+,
mwese muri abana b’Imana Musumbavyose.
7 Ariko muzopfa nk’uko abantu bapfa+,
kandi muzogwa nk’uko abandi baganwa bagwa+.”»
8 Ewe Mana, haguruka ucire urubanza isi+,
kuko amahanga yose ari rwawe.