Yobu
33 Ariko ubu rero ga Yobu, ndakwinginze wumve amajambo yanje.
Nutege ugutwi ivyo mvuga vyose.
5 Nunyishure nimba ubishoboye.
Niwitegure unshikirize ivyiyumviro vyawe.
7 Sindagutere ubwoba rero
kandi nturengerwe n’amajambo yanje.
8 Ariko numvise ivyo wavuze.
Nagumye numva aya majambo ngo:
9 “Ndatyoroye, nta gicumuro nakoze+.
Ndera, nta kosa na rimwe mfise+.
12 Mugabo ivyo wavuze si vyo. Ngira ndakwishure rero.
Imana iraruta umuntu kure n’iyo+.
13 Kubera iki none uyidogera+?
Hoba ari kubera itakwishuye ku majambo yawe+?
14 Kuko Imana ivuga rimwe, ikavuga n’irya kabiri,
(ariko nta n’umwe avyitaho)
15 ikabigira mu ndoto, mu kubonekerwa kwo mw’ijoro+,
igihe abantu baba batwawe n’agatiro,
baryamye mu bitanda vyabo.
16 Iraheza ikugurura amatwi yabo+,
igashimangira* amategeko yayo muri bo,
17 kugira ibuze umuntu gukora ikibi+
yongere imukingire ubwishime+.
19 Umuntu kandi arakosorwa n’ububabare bwo ku gitanda ciwe,
hamwe n’ububabare budahera bw’amagufa yiwe,
20 ku buryo n’umukate* usigara umushisha,
akanka kurya n’ibifungurwa biryoshe+.
21 Umubiri wiwe uronda ugashira,
agasigara ku magufa gusa.
22 Ubuzima bwiwe bwegera icobo,
ubwiwe akegera abateza urupfu.
23 Ariko habonetse intumwa* iza kuri we,
umuvugizi umwe mu gihumbi,
kugira imubwire ingene yoba umugororotsi,
24 Imana iraheza ikamugirira ubuntu, ikavuga iti:
“Mureke ntamanuke mu cobo+!
Naronse incungu+!
26 Azotakambira Imana+, na yo imugirire ubuntu.
Azokwiha akaruru k’umunezero abonye mu maso hayo,
kandi izosubira kumubona nk’umugororotsi.
29 Emwe, Imana irakora ivyo bintu vyose,
ikabikora kabiri mbere na gatatu, ibikorera umuntu,
30 kugira imukure mu cobo,
kugira ahimbarirwe umuco w’ubuzima+.
31 Ntega ugutwi Yobu we! Nyumviriza!
Guma uhoze nanje mbandanye kuvuga.
32 Nimba hari ico ufise uvuga, nunyishure.
Nuvuge, kuko nshaka kwerekana ko uri mu kuri.
33 Nimba ata co ufise uvuga na ho, nunyumvirize.
Nucereze, nanje nkwigishe ubukerebutsi.»