Yosuwa
19 Maze ubupfindo bugira kabiri+ bugwa kuri Simeyoni, ni ukuvuga ku muryango wa Simeyoni+ hisunzwe ingo ziwugize. Intoranwa yabo yari mu karere Yuda yatoranye+. 2 Batoranye Beri-Sheba+ na Sheba, Molada+, 3 Hazari-Shuwali+, Bala, Esemu+, 4 Elitoladi+, Betuli, Horuma, 5 Sikulagi+, Beti-Marikaboti, Hazari-Susa, 6 Beti-Lebayoti+ na Sharuheni: ibisagara 13 n’ibigwati bihegereye. 7 Ibindi bisagara batoranye ni Ayini, Rimoni, Eteri na Ashani+: ibisagara bine n’ibigwati bihegereye. 8 Baronse n’ibigwati vyose vyari irya n’ino y’ivyo bisagara gushika i Bayalati-Beri ari yo Rama yo mu bumanuko. Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Simeyoni hisunzwe ingo ziwugize. 9 Intoranwa y’abakomoka kuri Simeyoni yakuwe ku mugabane wa bene Yuda, kuko umugabane wabo wari munini cane kuri bo. Abakomoka kuri Simeyoni rero baronse intoranwa mu karere bene Yuda batoranye+.
10 Ubupfindo bugira gatatu+ bugwa ku bakomoka kuri Zabuloni+, hisunzwe ingo zabo. Urubibe rw’intoranwa yabo rwaragenda gushika i Saridi. 11 Rwaraduga mu burengero rwerekeza i Mareyali, rugashika i Dabesheti no ku mwonga urabana na Yokineyamu. 12 Rwarava i Saridi rukerekeza mu buseruko ku mupaka wa Kisiloti-Tabora, rukabandanya i Daberati+, rugaca ruduga i Yafiya. 13 Ruvuye ng’aho rwaca rubandanya mu buseruko i Gati-Heferi+, rugashika i Eti-Kazini, rukabandanya i Rimoni gushika i Neya. 14 Mu buraruko rwaca rukebereza i Hanatoni, rukagarukira ku mubande wa Ifuta-Eli. 15 Akarere kabo karimwo n’igisagara ca Katati, Nahalali, Shimuroni+, Idala na Betelehemu+: ibisagara 12 n’ibigwati bihegereye. 16 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’abakomoka kuri Zabuloni hisunzwe ingo zabo+. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.
17 Ubupfindo bugira kane+ bugwa kuri Isakari+, ni ukuvuga abakomoka kuri Isakari, hisunzwe ingo zabo. 18 Urubibe rwabo rwaca i Yezireli+, i Kesuloti, i Shunemu+, 19 i Hafarayimu, i Shiyoni, i Anaharati, 20 i Rabiti, i Kishiyoni, i Ebezi, 21 i Remeti, i Eni-Ganimu+, i Eni-Hada n’i Beti-Pazezi. 22 Urwo rubibe rwarashika n’i Tabora+, i Shahazuma n’i Beti-Shemeshi, rukagarukira kuri Yorodani: vyose vyari ibisagara 16 n’ibigwati bihegereye. 23 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Isakari hisunzwe ingo ziwugize+. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.
24 Maze ubupfindo bugira gatanu+ bugwa ku muryango wa Asheri+ hisunzwe ingo ziwugize. 25 Urubibe rwabo rwaca i Helikati+, i Hali, i Beteni, i Akishafu, 26 i Alameleki, i Amadi n’i Mishali. Mu burengero rwashika i Karumeli+ n’i Shihori-Libunati, 27 rugaca ruhindukira mu buseruko rwerekeza i Beti-Dagoni, rugashika ku karere ka Zabuloni no ku mubande wa Ifuta-Eli mu buraruko. Rwarabandanya i Beti-Emeki n’i Neyeli, rugashika ku ruhande rw’ibubamfu rw’igisagara ca Kabuli. 28 Rwaca rubandanya i Eburoni, i Rehobu, i Hamoni, i Kana gushika mu gisagara kinini ca Sidoni+. 29 Nya rubibe rwarahindukira rwerekeza i Rama gushika ku gisagara gikingijwe ibihome ca Tiro+. Rwaca rusubira guhindukira rukerekeza i Hosa, rukagarukira ku kiyaga mu karere ka Akizibu, 30 na Uma, na Afeki+ na Rehobu+: vyose vyari ibisagara 22 n’ibigwati bihegereye. 31 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Asheri hisunzwe ingo ziwugize+. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.
32 Ubupfindo bugira gatandatu+ bugwa ku bakomoka kuri Nafutali hisunzwe ingo zabo. 33 Urubibe rwabo rwahera i Helefu, kuva ku giti kinini c’i Zayananimu+ rukabandanya i Adami-Nekebu n’i Yabuneli gushika i Lakumu, rukagarukira kuri Yorodani. 34 Rwarahindukira mu burengero rwerekeza i Azinoti-Tabora, hanyuma rukabandanya i Hukoka rugashika kwa Zabuloni mu bumanuko, kwa Asheri mu burengero no kwa Yuda kuri Yorodani, amaja mu buseruko. 35 Ibisagara vyabo bikingijwe ibihome vyari Zidimu, Zeru, Hamati+, Rakati, Kinereti, 36 Adama, Rama, Hazori+, 37 Kedeshi+, Edireyi, Eni-Hazori, 38 Yironi, Migidali-Eli, Horemu, Beti-Anati na Beti-Shemeshi+: vyose vyari ibisagara 19 n’ibigwati bihegereye. 39 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Nafutali hisunzwe ingo ziwugize+. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.
40 Ubupfindo bugira indwi+ bugwa ku muryango wa Dani+ hisunzwe ingo ziwugize. 41 Urubibe rw’intoranwa yabo rwaca i Zora+, i Eshitayoli, i Iri-Shemeshi, 42 i Shalabini+, i Ayaloni+, i Itula, 43 i Eloni, i Timuna+, i Ekuroni+, 44 i Eliteke, i Gibetoni+, i Bayalati, 45 i Yehudu, i Bene-Beraki, i Gati-Rimoni+, 46 i Me-Yarukoni n’i Rakoni, rukaba rwaca hafi y’i Yopa+. 47 Ariko akarere ka bene Dani kabaye gato cane kuri bo+. Baciye baduga gutera igisagara ca Leshemu+ maze baragifata, abaho babicisha inkota. Nuko baracigarurira maze bakibamwo, izina ryaco Leshemu baca bararihindura bacita Dani bafatiye kuri Dani sekuruza wabo+. 48 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Dani hisunzwe ingo ziwugize. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.
49 Nuko Abisirayeli barangiza kugabura uturere tw’ico gihugu ngo baronke intoranwa, baraheza baha Yosuwa mwene Nuni intoranwa mu gihugu cabo. 50 Bamuha igisagara yasavye ari co Timunati-Sera+, mu karere k’imisozi ka Efurayimu, bakurikije itegeko rya Yehova. Yosuwa aca asanura ico gisagara, araheza akibamwo.
51 Izo ni zo ntoranwa umuherezi Eleyazari na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli bagaburiye Abisirayeli+ biciye ku bupfindo. Babigiriye i Shilo+ imbere ya Yehova, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. Nuko barangiza kugabura igihugu.