Abalewi
17 Yehova yongera kubarira Musa ati: 2 «Bwira Aroni n’abahungu biwe hamwe n’Abisirayeli bose uti: “Ibi ni vyo Yehova ategetse:
3 ‘Umwisirayeli wese azokerera impfizi y’inka canke iy’intama canke isuguru y’impene, akayikererera mw’ikambi canke hanze y’ikambi 4 aho kuyizana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro ngo ayishikanire Yehova imbere y’ihema ryeranda rya Yehova, uwo muntu azokwagirwa n’amaraso. Azoba yasheshe amaraso, kandi ategerezwa kwicwa*. 5 Ivyo ni ukugira ngo Abisirayeli ntibabandanye gushikanira ibimazi vyabo mu gahinga, ahubwo babizanire Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro maze babihe umuherezi. Bakwiye kubishikanira Yehova nk’ibimazi vyo gusangira+. 6 Umuherezi azomijagira amaraso yavyo ku gicaniro ca Yehova kiri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, yongere aturire ibinure vyavyo kugira bimotere neza* Yehova+. 7 Ntibakwiye rero kwongera gushikanira ibimazi vya bigirwamana bimeze nk’impene*+, ivyo bakorana ubusambanyi mu kubisenga+. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.’”
8 Uzobabwire uti: “Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri mwebwe azotangira ahandi ishikanwa riturirwa canke ikimazi 9 aho kukizana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro ngo agishikanire Yehova, abwirizwa kwicwa+.
10 Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri mwebwe azorya amaraso ayo ari yo yose+, emwe nzorwanya* uwo muntu kandi nzomwica*. 11 Kuko ubuzima bw’ikiremwa* buri mu maraso+, nanje nayashize ku gicaniro+ ku bwanyu kugira mubabarirwe ibicumuro*. Amaraso ni yo atuma mubabarirwa ibicumuro+ biciye ku buzima buri muri yo. 12 Ni co gituma nabwiye Abisirayeli nti: ‘Ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebwe arya amaraso, kandi ntihaze hagire umunyamahanga aba muri mwebwe+ arya amaraso+.’
13 Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe niyaja guhiga agafata igikoko canke inyoni iribwa, ategerezwa gusesa amaraso yayo hasi+, ace ayafurira. 14 Amaraso ni yo buzima bw’ikiremwa ico ari co cose, kuko ubuzima buri muri yo. Ni co gituma nabwiye Abisirayeli nti: ‘Ntimuze murye amaraso y’ikiremwa na kimwe, kuko amaraso ari bwo buzima bw’ikiremwa ico ari co cose. Uwuzoyarya wese abwirizwa kwicwa+.’ 15 Umuntu wese azorya igikoko asanze capfuye canke catabaguwe n’ikindi gikoko+, yaba imvukira canke umunyamahanga, akwiye kumesa impuzu ziwe, akiyoga hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. Aho ni ho azoba uwudahumanye. 16 Natazimesa canke ngo yiyoge, azohanirwa ikosa ryiwe+.”»